Paroles et écrits de Louis Rwagasore: Leader de l'indépendance du Burundi / Amajambo n'ivyanditswe dukesha Rudoviko Rwagasore: yarwaniye Ukwikukira kw'Uburundi
 2811107010, 9782811107017

  • 0 0 0
  • Like this paper and download? You can publish your own PDF file online for free in a few minutes! Sign Up
File loading please wait...
Citation preview

Christine Deslaurier Domitien Nizigiyimana

Textes collectés et introduits par

traduits par

Parole et é

Louis

it d

wagaso e

lcad r d ... 1 Ind épendance du Burundi

. majamb n "i yandit

• duke ha

udovi () R, a asore an aniye lk wi ukiru k " Uhur undl



IWACU - KARTHALA

PAROLES ET ÉCRITS DE LOUIS RWAGASORE AMAJAMBO N'IVYANDITSWE DUKESHA RUDOVIKO RWAGASORE

KARTHALA

sur Internet: http://www.karthala.com Paiement sécurisé

Couverture: Portrait de Rwagasore tenu dans le public assistant à une fête de tambourinaires à Kayanza -Iflto ya Rwagasore

mu/isbengero ry'abanyagihugumu musi mukuru w'abavuzi b'ingoma mu Kayanza © Jean-François Dupaquier, 1973.

©

ÉDITIONS IWACU et KARTHALA,

ISBN: 978-2-8111-0701-7

2012

Textes collectés et introduits par Christine DESLAURIER traduits par Domitien NIZIGMMANA

Paroles et écrits de

Louis Rwagasore leader de l'Indépendance du Burundi

Amajamho n'ivyanditswe dukesha

Rudoviko Rwagasore yarwaniye Ukwikukira kw'Uburundi

BP

Éditions IWACU Avenue de France n" 6 1842 Bujumbura (Burundi) Éditions KARTHALA 22-24, boulevard Arago 75013 Paris (France)

4

Ugukenguruka Iyandikwa ry'iki gitabu turikesha imfashanyo yatanzwe n'ibiro vy'uwuserukira igihugu c'Ubufaransa mu Burundi hamwe n'ibiro vy'ugufashanya kw'Ubuswisi mu Biyaga Binini i Bujumbura mu Burundi. Bene kwandika iki gitabu baboneyeho akaryo ko kubashimira bimwe bivuye ku mutima ku mfashanyo yatanzwe kugira ngo iki gitabu candikwe congere gihindurwe. Abandi bakesha intererano kubera impanuro zirashe babahaye ni abigisha bagenzi babo bo muri Kaminuza y'Uburundi hamwe n'abakunzi baba mu gihugu c'Ubufaransa ni c'Uburundi bafashe akanya gakwiye ko gusoma integuro y'iki gitabu. Abantu twoshimira cane ku ruhara bagize mw'iyandikwa ry'iki gitabu ni Jean-Pierre Chrétien, Alexandre Hatungimana, Marcel Kabanda, Abdul Mtoka, Melchior Mukuri na Daniel Nzigamiye, batahengeshanije kudushikiriza ivyiyumviro n'impanuro zabo. Uwundi yafashije ni Barbel Müllbacher ku ntererano y'ubuhinga mu kuringaniza ishusho y'iki gitabu imbere y'uko kijanwa mw'isohorero ry'ibitabu Karthala. Mu vy'ukuri, hambavu yabo twavuze, urutonde rw'amazinayabadufashije ku mwete n'ubwira bwabo canke batwamijeko impanuro rwoba rurerure cane ku buryo tutoronka aho tubakwiza. Ariko tubicishije ku mazina ya Shantare na Alexis, twifuza gukengurukira n'abandi bose baterereye ku gishika n'ubwira vyabaranze mu kudushigikira.

Remerciements Cet ouvrage a été publié avec le concours de l'ambassade de France au Burundi et du bureau de la Coopération suisse Grands Lacs-Burundi à Bujumbura. Les auteurs tiennent à leur exprimer leur reconnaissance pour le soutien qu'ils ont fourni à la traduction et à la production du livre. Ils se tiennent aussi pour redevables des conseils lumineux qu'ont bien voulu leur prodiguer leurs collègues de l'Université du Burundi, et des relectures minutieuses du manuscrit qu'en France et au Burundi des amis efficaces ont assurées. Ce livre doit ainsi beaucoup à Jean-Pierre Chrétien, Alexandre Hatungimana, Marcel Kabanda, Abdul Mtoka, Melchior Mukuri et Daniel Nzigamiye, que nous remercions pour leur attention durable ou leurs suggestions ponctuelles. Il a aussi bénéficié des soins de Barbel Müllbacher, qui en a réalisé la maquette pour Karthala. Au-delà de ces noms, la liste de celles et ceux qui, par leur enthousiasme ou leurs encouragements répétés, ont contribué à sa réalisation est positivement trop longue pour être publiée. Qu'à travers les prénoms de Chantal et Alexis, elles et ils soient tou(te)s remercié(e)s ici pour la chaleur et la constance de leur soutien.

6

Abanditsi Kirisina DESLAURIER ni umuhingayize ivyerekeyegutohoza n'ukwiga kahise; ashinzwe ubushakashatsi (ageze ku rugero rwa Chargée de recherche) mu gisata kijejwe ivyigwa bijanye n'iterambere (IRD),. ari kandi mu bagize ikigo gikurikirana ivyigwa vyerekyeAfirika (EHESS-IRD) c'i Paris. Haraheze imyaka mirongo ibiri arangura imirimo y'ubushakashatsi ku vyerekeye kahise k'Uburundi bwo muri iyi myaka iheze. 19ikorwa yashikirije mu 2002 catumye aronka urupapuro ru/umutsindo rwa Doctorat na co nyene cari cerekeye Uburundi, citwa: « Akarere karangwamwo ihinddgurika mu vya poritike: Uburundi imbere juko bwikukira (hagati ya 1956 na 1961) ». Aragendera Uburundi akatari gake. Domisiyo NIZIGIYIMANA, ni umuhinga yize ivyerekeye amayagwa y'Abanyafirika. Ni umwigisha (ageze ku rugero rwa Professeur associé) muri Kaminuza y'Uburundi. Mu 1985, yarashikirije igikorwa catumye aronka urupapuro rw'umutsindo rwa Doctorat mu vyerekeye amayagwa citwa: « Intererano k'uburyo bwo kwihweza n'ugutahura insiguro y'amayagwa y'ikirundi: akarorero gafatiye ku migani miremire ivugwamwo ibisizimwe ». Aramaze kurangura ibikorwa bitari bike mu gufasha guhindura ivyanditswe biva canke bija mu ndimi z'ikirundi n'igifaransa.

Les auteurs Christine DESLAURJER est historienne, chargée de recherche à I1nstitut de recherche pour le Développement (IRD), et membre du Centre d'études africaines (EHESS-IRD) à Paris. Elle travaille depuis 20 ans sur l'histoire du Burundi contemporain. Sa thèse de doctorat portait sur « Un monde politique en mutation: le Burundi à la veille de l'indépendance (env. 19561961))) (2002). Elle effectue de fréquents séjours au Burundi. Domitien NIZIGIYIMANA est spécialiste de littérature africaine, professeur associé à l'Université du Burundi. Il a soutenu une thèse de doctorat en littérature, intitulée « Contribution à l'analyse des textes narratifs de la littérature burundaise: l'exemple des contes d'ogres)) (J 985). Il effectue régulièrement des traductions entre le kirundi et le français, pour des administrations et pour des organismes privés.

8

Inrangamarara

Ivyiyumviro vya poritike dukesha Rudoviko Rwagasore mu majambo yiwe

Umuganwa Rudoviko Rwagasore, imboneza y'umugambwe mukuru waharanira intahe y'Ukwikukira kw'Uburundi mu gihe c'ukurondera kwiganzura intwaro y'igikoroni, yari umuhungu w'imfura w'Umwami Mwambutsa Bangiricenge; yagandaguwe igihe co ku mugoroba muri Gitugutu 1961, umugambwe wiwe Uprona umaze impusha nkeyi utsinze amatora. Inyuma y'iyo ntsinzi, umuganwa Rudoviko Rwagasore yari yabaye Umushikirangoma wa mbere w'ingoma y'Uburundi bwari bwimirije kwikukira (kw'igenekerezo rya 1 Mukakaro 1962). Igandagurwa ryiwe, ryateguwe n'abansi biwe bari bacuditse n'intwaro gikoroni, ryaraciriyemwo inzira yari atumbereye mu vya poritike, maze igihugu cose gica kirwa mu gahundwe. Kuva ico gihe izine ryiwe ryibutsa « incungu y'igihugu » mu Burundi. Yashengeye atarashikana imyaka mirongo itatu, afise inguvu n'ishaka rinini, ry'ugukorera igihugu. Rwagasore uno musi ari mu bantu bo hambere abakurikirana ivya poritike mu Burundi bahurizako, n'aho kenshi ico bavugwako ari ugucanamwo. Abantu baramwibuka mu mvugo no mu vyo bayaga; mu mihingo myinshi y'igihugu hariho ivyibutso biriko ishusho yiwe, ifoto yiwe turayisanga mu biro vya Reta, ku manoti no ku matemburi ; umusi yagandaguriweko, igenekerezo rya 13 Gitugutu 1961, barawibukana iteka uko umwaka utashe maze abakuru, umuryango wiwe, imigambwe n'amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike, barahurira hamwe ku ntatemwa yiwe i Bujumbura l . Muri Gitugutu 20 Il, ibirori vyabaye ivyo kwibuka imyaka mirongo itanu amaze ashengeye, muri Ruhuhuma 2012 na ho yari kuba akwije imyaka mirongo umunani avutse.

c., « Rwagasore ftr ever, Des usages contemporains d'un héros consensuel au Burundi », Vingtième siècle, revue d'histoire, 2012 (biriko birategurwa).

1. Deslaurier

Introduction

La pensée politique de Louis Rwagasore , a travers ses mots

Leader du principal parti indépendantiste du Burundi au moment de la décolonisation, le prince Louis Rwagasore, fils aîné du mwami (roi) Mwambutsa Bangiricenge, a été assassiné un soir d'octobre 1961 alors que sa formation, l'Uprona (Unité et progrès national), venait de remporter quelques semaines plus tôt un succès électoral décisif. Le prince Rwagasore était devenu dans la foulée de cette victoire le Premier ministre du royaume burundais dont la souveraineté allait bientôt être retrouvée (ler juillet 1962). Mais son meurtre, ourdi par des adversaires proches de l'administration coloniale, abrégea son ascension politique et plongea le pays dans la stupeur. Il édifia aussi, assurément, sa figure comme celle du « héros national» du Burundi contemporain. Mort à peine trentenaire, dans la force de son engagement nationaliste, Rwagasore est aujourd'hui une personnalité historique autour de laquelle s'est construit un certain consensus dans le champ politique burundais, hélas plus connu d'ordinaire pour ses profondes divisions. Il est célébré dans les récits populaires; plusieurs localités du pays disposent de monuments à son effigie; son portrait est présent dans les administrations publiques, sur les billets de banque et des timbres; et enfin, son assassinat, le 13 octobre 1961, est commémoré chaque année par les autorités, la famille, les organisations politiques et la société civile qui communient au pied de son mausolée à Bujumbura 1. En octobre 20 Il, la cérémonie a marqué le cinquantième anniversaire de sa disparition, et en février 2012, l'on aurait pu célébrer les 80 ans de sa naissance.

c., "Rwagasore fOr l'Ver? Des usages contemporains d'un héros consensuel au Burundi .., Vingtièmesücle. revue d'histoire, 2012 (sous presse).

1. Deslaurier

10

INTANGAMARARA

Ariko rero, n'aho Rudoviko Rwagasore azwi na bose mu Burundi, kandi ari umuntu yubashwe, intumbero yarimwo n'iragi yasize mu vya poritike bizwi na bake mu Burundi no mu makungu. Ivyanditswe bimwerekeye biracari bike 2 ; haramaze kuboneka ivyanditswe ku rupfu rwiwe, no ku manza zakurikiye3. Ariko mu vy'ukuri, n'aho ibiringo bikuru bikuru vy'ubuzima bwiwe n'ivy'igandagurwa ryiwe bihaye biramenyekana, ishaka ryamuranga n'ishingiro ry'ivyiyumviro vyiwe muri poritike, vyo, n'ubu, ntibizwi na benshi. Intumbero y'iki gitabu ni iyo kugira ngo haboneke, hambavu y'ingene abantu bategera Rudoviko Rwagasore mu vyiyumviro vyabo no mu biroranye na poritike mu Burundi, amakuru azwi kandi ariho yerekeye ivyiyumviro vyiwe n'ivyo yakora haraciye imyaka mirongo itanu. Ni ukurondera ko ivyiyumviro vyiwe vya poritike bimenyekana mu gushira ahabona amajambo yashikirije ku mugaragaro canke ari ahandi nk'uko tubisanga ubu, ari i Bujumbura canke i Bruxelles, mu madosiye ari mu bushinguro bw'ivya kera canke mu binyamakuru. Iki si igitabu canditswe « ku» muganwa, ariko ni integuro yanditswe yisunze ubuhinga, y'ivyashikirijwe mu ndimi zibiri; bimwe vyoba vyaranditswe ibindi bivugwa ku munwa, ariko bifise agaciro kanini karoranye n'ivy'akahise. Dusangamwo, mu rrlajambo yiwe, inyifato yaranga Rwagasore mu buzima bwiwe, nk'imboneza nzima, yakengurukwa na bose, w'indero, avuga ibitomoye, mu majambo yoroshe kandi arimwo ubwenge.

Urugero rw'ivyanditswe Inzandiko mirongo ibiri na zitanu ziri muri iki gitabu si zo zonyene zigize ivyo umuganwa Rudoviko Rwagasore yashoboye kwandika canke kuvumera mu buzima bwiwe n'aho bwabaye buto; zigizwe ahanini n'ibiganiro, amajambo yashikirije, amakete n'ivyo yanditse mu binyamakuru. Hariho ibituma n'intumbero zizwi zatumye hacagurwa hakandikwa ivyo.

2. Nk'akarorero raba mu kirundi mu girabu ca Gihugu D., Ubuzima bw'umuganwa Rwagasore Ludoviko Rwagasore n'ukwikukira kw'Uburundi, 1932-1961, Bujumbura, Presses Lavigerie, 1999; no mu gifuransa, ibirabu vya Ghislain J., La FéorUzlité au Burundi, Bruxelles, Académie royale des Sciences d'Ourre-mer (Arsom), vol. 36, n° 3, 1970, na Souvenirs de la Territoriale au Burundi: le brouillard sur la Kibira, Louvainla-Neuve, 1992; hamwe na Harroy J .-P., Burundi 1955-1962. Souvenirs d'un combattant d'une guerreperdue, Bruxelles, Hayez, 1987. 3. Chomé J., «I:aifaire Rwagasore ", Remarques africaines, vol. 4, n° 41-44, 14 décembre 1962; Ministère de la Justice, Prince Louis Rwagasore, Bujumbura, 1963; Poppe G., La Mort de Rwagasore, le Lumumba burunrUzis, Bujumbura, éd. !wacu, 2012. Urupfu rw'umuganwa rwahavuye ruvugwa cane kurusha ubuzima bwiwe, nk'uko vyandikwa na Chrétien J .-P., « Héros et ami-héros: la transfiguration par la mort. Biographies et pouvoir au Burundi ", in Bertrand Hirsch et Manfred Kropp (dir.), Saints, biographies et histoire enAfrique, Francfort, Peter Lang, 2003, p. 115-125.

INTRODUCTION

Il

Pourtant, malgré la renommée nationale de Louis Rwagasore et la ferveur qu'il suscite, son parcours fulgurant et son héritage politique restent peu connus, au Burundi même et plus encore à l'extérieur. Les témoignages publiés qui le concernent de près ou de loin sont peu nombreux 2 , et quelques textes ont été consacrés à son assassinat et aux procès qui l'ont suivi 3• Mais en réalité, même si les grandes étapes de sa vie privée et publique et les conditions de son décès tragique commencent à être mieux connues, ses raisons d'agir et les fondements de sa philosophie politique restent, quant à eux, largement ignorés. Le présent ouvrage a pour objectif de combler, partiellement au moins, ce hiatus entre la prégnance de Louis Rwagasore dans les mémoires et dans les représentations populaires du politique au Burundi, et la carence d'informations disponibles sur ses conceptions et son action il ya plus de 50 ans. Il s'agit de rendre compréhensible sa pensée politique en rendant accessibles ses interventions publiques ou privées, jusqu'alors dispersées entre Bujumbura et Bruxelles, dans des dossiers d'archives ou des périodiques, exprimées alternativement en français ou en kirundi. Ceci n'est donc pas un livre « sur» le prince, mais une édition scientifique bilingue de textes, écrits ou oraux, dont la valeur historique est indéniable. Il s'y dessine, en ses mots propres, une sorte d'autobiographie intellectuelle et morale de Rwagasore, un leader bien vivant, populaire et éduqué, aux opinions franches et à l'éloquence simple et brillante. Le périmètre du corpus publié

Les 25 textes présentés dans cet ouvrage ne constituent pas un recueil exhaustif de tous les exposés, discours, interventions, correspondances ou articles que le prince Rwagasore a pu écrire ou prononcer durant sa courte vie. Ils ont été choisis et édités en fonction de contraintes et d'objectifs bien précis.

2. Voir par exemple en kirundi Gihugu D., Ubuzima bw'umuganwa Rwagasore Luduviko Rwagasore n'ukwikukira kw'Uburundi, 1932-1961, Bujumbura, Presses Lavigerie, 1999; et en français, les ouvrages de Ghislain J., La Féodalité au Burundi, Bruxelles, Académie royale des Sciences d'Outre-mer (Arsom), vol. 36, n° 3, 1970, et Souvenirs de la Territoriale au Burundi: le brouillard sur la Kibira, Louvain-la-Neuve, Centre d'histoire de l'Afrique, 1992, et les mémoires de Harroy J .-P., Burundi 1955-1962. Souvenirs d'un combattant d'une guerre perdue, Bruxelles, Hayez, 1987. 3. Chomé J., « raffàire Rwagasore ., Remarques africaines, vol. 4, n° 41-44, 14 décembre 1962; Ministère de la Jusrice, Prince Louis Rwagasore, Bujumbura, 1963; Poppe G., La Mort de Rwagasore, le Lumumba burundais, Bujumbura, éd. Iwacu, 2012. La mort du prince semble parfois être devenue plus fascinanre que sa vie, comme le souligne Chrérien J.-P., « Héros et anri-héros: la transfigurarion par la mort. Biographies et pouvoir au Burundi ., in Bertrand Hirsch et Manfred Kropp (dir.), Saints, biographies et histoire enAfrique, Francfort, Perer Lang, 2003, p. 115-125.

12

INTANGAMARARA

Ivyakoreshejwe, uko bingana n'aho bigarukira Mu gihe Rwagasore yari akiriho, ntawigeze atororokanya amakete yanditse canke ivyo yavuze nk'uko vyari kugirwa n'umukarani w'ico gihe, canke uwujejwe kumenyeshamakuru w'iki gihe. Ni co gituma mu gushikira urukurikirane rw'amajambo yagiye aravugwa n'ivyanditswe n'umuganwa, umushakashatsi mu vy'akahise yisunga amakuru akura mu bushinguro bw'ivya kera n'ibimenyeshamakuru, akenshi ni ivyo mu gihe c'abakoroni, ayo ahabwa n'umuryango n'aboba bariho ico gihe. Ugufata umwanya ukwiye n'ukwamizako ni nkenerwa muri bene ico gikorwa, mbere hari n'aho ugira imana ukagwa ku « gikaratasi}) iki n'iki, urari uzi. Ariko na ho nyene, mu mperuka, ntawovuga ngo ivyo yatororokanije vyose birakwiye mu bigize amajambo yose ya Rwagasore. Inzandiko zimwe zimwe, bivuye k'ukugene zimeze, zishobora kuba zaribagiriwe ahancu, canke zaratakariye aho zari zishinguwe, zigashobora gurorwa canke mbere zigashobora kwononekara nizaba zitononekaye. Ibindi vyashikirijwe, mu majambo gusa, vyaragurutse kuko amajambo yonyene aribagirwa, akazimangana iyo ahejeje kuvugwa : vyoba ari igitangaza hamwe amajambo yose yashikijwe na Rwagasore ari kumwe n'abanywanyi b'amakoperative muri 1957-1958, mu makoraniro yo ku mugaragaro ya Uprona muri 1959, mu mibonano yo muri Onu mu 1960 canke mu makoraniro yo mu matora mu 1961, vyoba vyarabuwe ku buhinga bwo gufata amajwi canke bikaja mu cegeranyo gikwiye. Hariho rero kandi n'ivyo twabonye ko vyavuzwe canke vyanditswe, mu bushinguro bw'ivya kera canke mu binyamakuru, ariko bidashobora kuboneka, udashobora gushikira canke bitagikwiyé. N'aho biri uko, ibiri muri iki gitabu biri n'agaciro kuko vyatororokanijwe mu myaka mirongo ibiri 5 : ibiganiro vyatanzwe, ivyanditswe mu binyamakuru, kwandika ku mpapuro amajambo n'ibiganiro, amaraporo yo mu kazi, ivyegeranyo vy'amanama, impapuro zitagira umukono n'amakete ya bene yo ... Ni vyinshi kandi biri kwinshi (impapuro zanditswe n'imashini, ivyanditswe mu binyamakuru, ivyanditswe n'iminwe) mu ndimi zitandukanye (igifaransa, ikirundi, igiswahiri). Ivyo dusangamwo ni vyinshi, kuva ku cemezo c'ideni gushika ku nzandiko zerekeye kazoza ka poritike y'Uburundi, utibagiye ibiganiro vyahawe abamenyeshamakuru b'abanyamahanga. Mu

4. Nk'akarorero ni ijambo Rwagasore yashikirije mu bagize Inama nkuru y'Igihugu muri Ruhuhuma 1957, ikiganiro yaranze i Bruxelles muri Rusama 1958, ku vyerekeye amakoperarive, canke mu rwandiko « Mu gihugu harimwo ibigoye guregera» (